Uko wahagera

Inkuba Yahitanye Batatu Ikomeretsa Batandatu i Ngozi mu Burundi


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Abajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi iri mu buraruko bw’Uburundi batangaza ko abantu batatu bahitanywe n’inkuba yakomerekeje batandatu ku muhingamo w’uno wa Mungu.

Babiri mu bahitanywe n’iyo nkuba yazananye n’imituragaro yabasanze ku kibuga c’umupira w’amaguru ca komine Kiremba mu ntara ya Ngozi, ahariko habera urukino rwahuza umugwi wa zone Giheta na zone Kiremba.

Umwe muri abo yari mu barorerezi uyundi nawe yari mu bakinyi.

Uwa gatatu mu bahitanywe n’iyo nkuba yazananye n’imituragaro ni umukenyezi wo muri karatiye ya Muremera iri mu gisagara ca Ngozi.

Igipolisi c’intara ya Ngozi cabwiye Ijwi ry'Amerika ko batandatu mu baguye gihumura bose bariko baratora mitende.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG