Ingwara ya migraine n’ ingwara ifata umuntu akaguma ameneka umutwe bidasanzwe. Iyo ngwara n’ ingwara ifata abantu bose ku myaka iyariyo yose, ariko ngo irakunda gukarira abakenyezi. Ibimenyetso vy’ iyo ngwara ngo n’ukumeneka umutwe bidasanzwe bidahera, kandi bigafatira kenshi ku ruhande rumwe rw’ umutwe, rimwe na rimwe umuntu arashobora gusesemwa agashobora no kudahwa.
Docteur Norbert Ntiruhungwa niwe twaganiriye aradusigurira ivyerekeye iyo ngwara y’ umutwe ya migraine n’ ukuntu ivugwa.