Indwara y'ubukangwe yasubiye kwaduka mu gihugu ca Nijeri inyuma yuko gucandaga abanyagihugu bihagaze.
Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS ryatangaje ano makuru ryavuze ko abana 2 ari bo bamaze kumenyekana ko banduye iyo ndwara yandukira cane.
Iryo shirahamwe ryavuze ko rifise amakenga ko igitigiri c'abana bazokwandura ciyongera cane bivanye nuko igikorwa c’ugucandaga abanyagihugu cahagaze.
Mu ntango z’uku kwezi, OMS n’ayandi mashirahamwe bikorana vyatangaje ko vyategerejwe guhagarika ibikorwa vy’ugucandaga gushika kw’italiki imwe y’ukwezi kwa gatandatu. Iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo ngingo izotuma abandi bana bamugara.
Kurandurana n’imizi indwara y’ubukangwe bisaba ko ibice 90 kw’ijana vy’abana bakingirwa. Mu karere ka Afrika, uretse Nijeri, ibindi ibihugu 14 biriko bigerageza guhagarika ikiza c’indwara y’ubukangwe.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bari bategekanije kurandurana n’imizi indwara y’ubukangwe mu mwaka w’i 2020. Yamara ico gihe carigijweyo incuro zitari nke kubera kitashoboye kwubahirizwa.
Facebook Forum