Uko wahagera

Ingwano Irakaze mu Ntara ya Tigray muri Etiyopiya


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya

Ingwano mu ntara ya Tigray mu gihugu ca Etiyopiya irandandanya, mu gihe umushikiranganji wa mbere yiyemeje kurekurira ibindi bikorwa vya gisirikare muri ako karere.

Ku bategetsi ba Etiyopiya, ivyo bikorwa vya gisirikare bigamije kwishura ku gitero kivurwa ko cakozwe n’inteko za Reta yo mu ntara ya Tigray ku musi wa kabiri kw’ikambi y’igisirikare c’igihugu.

Uburyo bw’uguhanahana amakuru buracugawe muri iyo ntara. Ingingo y’uguhagarika ubwo buryo yafashwe igihe umushikiranganji wa mbere Abey Ahmed yatangaza ivyerekeye igitero cakozwe n’inteko za Reta yo mu karere ka Tigray n’inyishu y’igisirikare c’igihugu ku musi wa gatatu.

Kuba ata makuru abantu baronka avuye muri iyo ntara birageramiye utwigoro tw’ugusuzuma amakuru atangazwa na Reta ya Etiyopiya.

Umurwa mukuru w’intara ya Tigray, Mekele, wasa n’uwutekanye uno musi ku wa kane mu gitondo. Yamara ugutana mu mitwe kwabaye mu bindi bice.

Reta ya Etiyopiya yatangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe yo mu kiringo c’amezi atandatu mu ntara ya Tigray.

Abitegereza ibintu baragabisha ko hashobora kuba ingwano mu gihugu ishobora guhungabanya umutekano mu karere kose k’ihembe rya Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG