Uko wahagera

 
Ingingo ya Reta ya Sudani y’Ukwigarurira Abyei Yari yiyumviwe kandi Yataguwe Neza.

Ingingo ya Reta ya Sudani y’Ukwigarurira Abyei Yari yiyumviwe kandi Yataguwe Neza.


Ingingo ya Reta ya Sudani y’Ukwigarurira Abyei Yari yiyumviwe kandi Yataguwe Neza.
Ingingo ya Reta ya Sudani y’Ukwigarurira Abyei Yari yiyumviwe kandi Yataguwe Neza.

Uwo mugwi ukoresha amasanamu ya satellite kugira wihweze ibiriko bibera mu gihugu ca Sudani watangaje ko wabonye ibimodoka vya blinde, indege za kajugujugu n’inteko birungikwa ku mabarabara hafi ya Abyei

Umugwi w’abanyamahanga bajejwe gukwirikirana ibibera mu gihugu ca Sudani watangaje ko ingingo ye Leta ya Sudani y’ukwigarurira intara ya Abyei gisa n’igikogwa cari ciyumviwe kandi categuwe neza.

Uwo mugwi ukoresha amasanamu ya satellite kugira wihweze ibiriko bibera mu gihugu ca Sudani watangaje ko wabonye ibimodoka vya blinde, indege za kajugujugu n’inteko birungikwa ku mabarabara hafi ya Abyei mu ndwi imbere y’ingingo ya Sudani y’ukwigarurira Abyei ku musi wa gatandatu uheze.

Uwo mugwi w’abajejwe gukwirikirana ibibera muri Sudani watangaje kandi ko watororokanije ivyemezo vy’ivyaha vo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu bishobora kuba vyarakozwe mu ntara ya Abyei.

Ivyabona bavuze ko babonye amazu ariko arasha, n’inyubakwa zisahugwa mu ntara ya Abyei kuva inteko zo mu buraruko bwa Sudani zifashe ico gice gitunze ibitoro, uburaruko n’ubumanuko bwa Sudani vyiyitirira.

Umutegetsi akomeye w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yatangaje ejo ku musi wa gatatu ko abantu bagera ku bihumbi mirongo ine bahunze Abyei kuva igikogwa ca gisirikare ca Sudani yo mu buraruko gitanguye

Mw’ijambo yashikirije ku musi wa kabiri, prezida wa Sudani, Omar al-Bashir yavuze ko Uburaruko bwa Sudani butazova muri Abyei, avuga ko ari ubutaka bwa Sudani yo mu buraruko.

XS
SM
MD
LG