Uko wahagera

Indoneziya: Birashoboka ko Atawarokotse mu Ndege Yarimwo 189


Bamwe mu bajejwe gutabara mu bikora vyo kwegeranya ibisigarira vy'indege Lion Air Flight
Bamwe mu bajejwe gutabara mu bikora vyo kwegeranya ibisigarira vy'indege Lion Air Flight

Indege y’isosiyete “Lion Air Flight” yo mu gihugu ca Indoneziya yarimwo ingenzi 189, abadereva hamwe n’abakozi bayo, yaraye iguye mu mazi, imaze iminota 13 igurutse ku murwa mukuru Jakarta.

Umuvugizi w’iyo sosiyete, Sutopo Purwo Nugroho, yashize amafoto y’iryo sanganya ku rubuga rwiwe rwa Twitter arimwo amafoto y’amavalisi hamwe n’ibice bimwe bimwe vy’iyo ndege, bimaze gutorwa. Nugroho yavuze ko muri izo ngenzi harimwo umwana umwe hamwe n’ibibondo bibiri.

Ibiro vyo mu gihugu ca Indonezia bijejwe gutabara vyarungitse abahinga mu kwibira kugira barondere iyo ndege yaguye iri mu kirere c’izinga rya Java. Umutegetsi akora muri ivyo biro avuga ko atibaza ko hari umuntu n’umwe yarokotse.

Byikekwa ko iyo ndege ishobora kuba yaribiye gushika ku metero 30 canke kuri 35. Abajejwe igikorwa co kurondera no gutabara, baramaze gutangaza ko batoye imivyimba itari mike, yari ku birometero 15 vy’ahabereye iryo sanganya.

Iyo ndege yari yagurutse isaha cumi na zibiri n’iminota 20 mu gitondo mu masaha yo muri Indonezia. Vyari bitegekanijwe ko ishika mu gisagara ca Bangka-Belitung isaa moya n’iminota 20 yo mu gitondo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG