Uko wahagera

Indege y’Abanyamerika Yarishe Umukuru w’Abatalibani muri Pakistani


Pakistan Taliban

Indege itagira umudereza y’Abanyamerika yarishe umukuru w’Abatalibani muri Pakistani ku rubibe rwo mu buseruko bwa Afughanistani, nkuko abakuru ba gisirikare babibwiye Ijwi ry’Amerika.

Umutegetsi w’Amerika, atashimye ko izina ryiwe rimenyekana, yavuze ko ico gitero cabaye ku musi wa gatatu cari gitumbereye targeted Mullah Fazlullah, arongoye umuhari w’Anatalibani urwanira muri Pakistani (TTP), yiciwe mu ntara ya Kunar muri Afghanistani.

Amakuru ava mw’igendereza muri Pakistan yemeje kuri uyu wa gatanu ko ingede ya drone yagavye igitero mu misozi yo muri distrikte ya Marawara, ifatanye n’igisagara ca Kunar muri Pakistani.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bagiriza Fazlullah ibitero bitari bike ku banyamerika n’abanyepakistani kuva aho agenewe kurongora uwo muhari mu mwaka w’2013, harimwo n’igitero co mu mpera z’umwaka wa 2014 kw’ishure rya gisirikare mu ntara ya Peshawar cahitanye abantu 151, barimwo abana barenga 130.

Amerika yavuze kandi ko Fazlullah yategetse mu mwaka w’2012 kwica Malala Yousafzai, azwi nk’uwuharanira agateka k’abana b’abakobwa ko kwiga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG