Abafransa baraza kuja uno musi ku w’Imana mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu.
Ivya nyuma vyatohojwe vyerekana ko prezida ahari muri iki gihe, Nicholas Sarkozy azotsindwa mu ncuro ya kabiri y’amatora vyitezweko izoba kw’italiki zitandatu z’ukwezi kwa gatanu, mu bizotuma zoba abaye umuprezida wa mbere azoba arangije ikiringo kimwe gusa mu mabanga ya prezida mu kiringo c’imyaka mirongo itatu.
Aba Candidats bose uko ari cumi biyamamaje umusi wabo wa nyuma ku musi wa gatanu.
Ku musi wa gatanu, prezida Sarkozy yarasavye imbabazi ku ngingo yafashe mu misi ya mbere y’ikiringo ciwe c’imyaka itanu. Yavuze kw’amakosa yiwe kwari ukutumva uruhara rwa prezida. Yamara yarashigikiye uruhara rwiwe mu kugabanya amafranga Reta y’Ubufransa ikoresha kugira bitorere inyishu ikibazo c’amadeni mu karere k’i Bulaya.Yamenyesheje kw’Ubufransa bushobora kugira ibibazo nk’ivy’igihugu ca Espagne kigeramiwe n’amadeni niyo ico gihugu cahindura intumbero kirimwo.
Francosi Hollande ahiganwa na prezida Sarkozy wo mu mugambwe w’wba Socialistes, mu gikogwa ciwe c’ukwiyamamaza yagirije Sarkozy ku rugero rw’ubushomeri mu Bufransa ruri hafi y’ibice cumi kw’ijana, akaba yasavye kw’ibintu bihindurwa bikomeye kugira bitorere inyishu ikibazo c’amafranga asohoka arengeye ayinjira mu kigega ca Reta.