Uko wahagera

Incuro ya kabiri y’Amatora y’Umukuru w’Igihugu Iraza Kuba uno Musi Mu Bufransa


Ivya nyuma vyatohojwe vyerekana ko prezida Sarkozy yagabanije amanuta Hollande amurusha yamara vyitezweko Hollande ariwe atahira intsinzi

Igihugu c’Ubufransa kiraza kugirisha incuro ya kabiri y’amatora uno musi ku w’Imana, mu gihe vyitezweko umu candidat w’umu Socialiste, Francois Hollande aza gutsinda prezida ahari muri iki gihe, Nicholas Sarkozy.

Ivya nyuma vyatohojwe vyerekana ko prezida Sarkozy yagabanije amanuta Hollande amurusha yamara vyitezweko Hollande ariwe atahira intsinzi.

Sarkozy amaze imyaka itanu ari prezida w’Ubufransa, yaranebaguwe ku kugene yavyifashemwo ku vyerekeye ubutunzi.

Francois Hollande n’umuntu amaze igihe mu vya politike yayoboye umugambwe w’aba Socialistes mu kiringo c’imyaka itari mike, yamara nta kibanza gikomeye co muri Reta yigeze agiraFrancois Hollande yarashigikiwe ku musi wa kane na Francois Bayrou yatsindiye ibice icenda kw’ijana vy’amajwi mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa mau kwezi guheze.

Muri ico gihe, Marine Le Pen wo mu mugambwe Front National yarangije mu kibanza ca gatatu mu ncuro ya mbere y’amatora mu kwezi guheze ayavuze kw’ata mu candidat nuwe aza gushigikira mu ncuro ya kabiri y’amatora y’uno musi ku w’Imana.

XS
SM
MD
LG