Uko wahagera

Inama y’Ibihugu Umunani Bikomeye Kurusha Ibindi kw’Isi mu Vyerekeye Ubutunzi Yararangiye muri Amerika


Abategetsi b'Ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw'isi mu vyerekeye ubutunzi mu nama muri Amerika
Abategetsi b'Ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw'isi mu vyerekeye ubutunzi mu nama muri Amerika

Prezida Obama yatangaje ko we n’abandi bategetsi b’ibihugu vyo kw’isi batangaje ko ari ibikenewe ko igihugu c’Ubugiriki kigua mu bihugu cumi n’indwi bikoresha ifranga rya Euro

Prezida wa Amrerika, Barack Obama n’abategetsi b’ibihugu indwi bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi bararangije ejo ku musi wa gatandatu inama yamaze imisi ibiri, aho prezida Obama yavuze kw’imigambi izana iterambere n’ubuzi arivyo vyoshimikirwako kurushiriza.

Obama yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’iyo nama y’abategetsi b’ibihugu umunani buikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi mu kibanza ca Camp David hanze y’igisagara ca Washington DC, ko hari ukwumvikana ko hakwiye kuba utundi twigoro ku vyerekeye iterambere ry’ubutunzi n’ubuzi mu karere k’I Bulaya, mu gihe ako karere gahanganye n’ibibazo vy’amadeni. Yongeye aravuga ku ntambwe Reta yiwe yafashe kugira bifashe ubutunzi bwa Amerika inyuma y’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi vyageramiye amakungu.

Prezida Obama yatangaje ko we n’abandi bategetsi b’ibihugu vyo kw’isi batangaje ko ari ibikenewe ko igihugu c’Ubugiriki kiguma mu bihugu cumi n’indwi bikoresha ifranga rya Euro.

Igihugu c’Ubuguriki kigeramiwe n’amadeni gishobora guheba akarere k’I Bulaya kugira cirinde gufata ingingo zikomweye z’ugutubika umukanda mu vyerekeye ubutunzi.

XS
SM
MD
LG