Uko wahagera

Inama ya EAC Izoba n'Ubwo Uburundi Busaba ko Isiba


Bamwe mu bakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afurika y'ubuseruko

Icipfuzo ca Reta y'Uburundi co gusivya inama y'abakuru b'ibihugu b'umuryango wa Afurika y'ubuseruko nticemewe n'umuyobozi w'uwo muryango, Yoweri Kaguta Museveni, asanzwe ari nawe perezida wa Uganda.

Mw'ikete Museveni yandikiye mugenzi we w'Uburundi Pierre Nkurunziza kuri uno wa Mungu, yamubwiye ko ata mpamvu n'imwe y'ukwegeza inyuma inama igira 20 y'abakuru b'ibihugu vya EAC itegekanijwe kw'igenekerezo rya 30 z'uku kwezi kwa cumi na rimwe i Arusha muri Tanzaniya.

Perezida Museveni asigura ko Reta y'Uburundi yari izi kuva kera ikirangaminsi c'iyo nama n'ibizoyivugirwamwo kuko vyafundikiwe mu mibonano itandukanye kandi n'Uburundi bwitabiriye.

Muri iryo kete, Perezida Museveni ashimangira ko kwegeza inyuma iyo nama izoba inagamije gutorera umuti w'ico yise "ibibazo bikomeye vyadindiye" vyogira ingaruka zitari nziza kuri uwo muryango, agasaba mugenzi we w'Uburundi kutaba intambamyi y'urutonde rw'ibizoyivugirwamwo akayitabira.

Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza mw'ikete yandikiye Museveni kw'igenekerezo rya 24 uku kwezi yari yamusiguriye ko yipfuza ko iyi nama yegezwa inyuma mu ntumbero yo kuyitegurira.

Bitegekanijwe ko inama yo kuri uno wa gatanu ifatira umwanzuro amatati ari mu Burundi kuva mu 2015 ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza buhatswe guhirikwa. Ni no muri iyo nama hazoshirwa ahabona ibiri mu cegeranyo c'ingene ibiganiro bihuza Abarundi vyagenze kuva bigitangura gushika ku bifatwa nk'ivyanyuma biheruka kubera muri Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG