Uko wahagera

Inama y'Abakuru b'Ibihugu vya EAC Ntiyabaye


Bamwe mu bakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afurika y'ubuseruko
Bamwe mu bakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afurika y'ubuseruko

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afurika y’ubuseruko igira 20 yari itegekanijwe gutangura kuri uno wa gatanu ntiyabaye. Umukuru w’inama nshikiranganji ya EAC, Dr Kirunda Kivejinga, yasiguye ko isibijwe hisunzwe ingingo ya 12 y’itegeko rigenga uwo muryango ritomora ko haramutse hagize umukuru w’igihugu n’umwe atitaba ntarungike uwumuserukira ica isiba.

Ku bihugu bitandatu bigize EAC, Uburundi ni bwo bwonyene butari buserukiwe: Uganda yari ihagarariwe na perezida wayo Yoweri Kaguta Museveni, Kenya iserukirwa na Perezida Uhuru Kenyatta, Tanzaniya nayo na Perezida wayo John Magufuli. U Rwanda rwaserukiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Richard Sezibera, Sudani y’Epfo nayo iserukirwa n’umushikiranganji w’ubudandaji.

Inama ya EAC igira 20 isivye inyuma yaho perezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza asabiye mugenzi we wa Uganda Museveni asanzwe ari nawe atwara EAC kuyisivya kugira ngo "Yitegure". Museveni yari yavuze ko bitokunda ko yegezwa inyuma kuko Uburundi bwari buzi kuva kera ikirangaminsi cayo nama n'ibizoyivugirwamwo.

Mu vyari bitegekanijwe kwigirwa muri iyo nama, harimwo ugufatira umwanzuro amatati ari mu Burundi kuva mu 2015 ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza buhatswe guhirikwa no gushira ahabona ibiri mu cegeranyo c'ingene ibiganiro bihuza Abarundi vyagenze kuva bigitangura gushika ku bifatwa nk'ivyanyuma biheruka kubera muri Tanzaniya.

Mw’ikete Perezida Museveni yari yandikiye mugenzi we Nkurunziza ku wa Mungu yamubwiye ko kwegeza inyuma iyo nama yari inagamije gutorera umuti w'ico yise "ibibazo bikomeye vyadindiye mu Burundi " bishobora kugira ingaruka zitari nziza kuri EAC. Yari yamwingize kutaba intambamyi y'urutonde rw'ibizoyivugirwamwo akayitabira.

Itangazo ryashizwe ahabona n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya rivuga ko iyo nama izoba igenekerezo rya 27 ukwezi kwa cumi na kabiri

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG