Uko wahagera

Inama y'Abakuru b'Ibihugu Bigize EAC Yongeye Gusubikwa


Imvururu no gushinga Reta mfatakibanza muri Sudani y’epfo, kimwe mu bihugu bitandatu bigize EAC ni zo zatumye iyo nama yigizwa inyuma

Inama y’abakuru b’ibihigu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, EAC, yobaye ku munsi wa gatandatu w’indwi iza yasivye.

Imvururu no gushinga Reta mfatakibanza muri Sudani y’epfo, kimwe mu bihugu bitandatu bigize EAC ni zo zatumye iyo nama yigizwa inyuma.

Kimwe mu bibazo vyohaririweko muri iyo nama ni ugutatura amatati y’imipaka ihuza bimwe mu bihugu bigize uwo muryango nk’u Rwanda, Uburundi, n’Ubuganda.

Inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko yari yatumweko n’ibaruwa Ijwi ry’Amerika rifitiye ikopi.

Yari yanditswe n’igihugu c’u Rwanda ari na co kirongoye uwo muryango kuva mu mwaka uheze.

Ico gihugu ni naco n’ubu camenyesheje ko iyi nama yigijwe inyuma kw’italike itaramenyekana.

Uwujejwe kumenyeshamakuru mu biro bikuru vya EAC, Simon Peter Owaka, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umunyamabanga wa Reta y’u Rwanda ashinzwe ibibazo vya EAC Olivier Nduhungirehe ari we yatangarije umunyamabanga mukuru wa EAC ko iyo nama yigijwe inyuma.

Yagize ati “Nduhungirehe yasiguriye umunyamabanga wa EAC ko ico cifuzo casabwe n’igihugu ca Sudani y’Epfo, kimwe mu bigihugu bigize uwo muryango. Ico gihugu kiri mu nzira yo gushiraho Reta mfatakibanza, vyumvikana ko ata mwanya coronka wo kwitaba iyi nama y’Abakuru b’ibihugu vya EAC”.

Ibiro bikuru vya EAC biri i Arusha muri Tanzaniya ari na ho hobereye iyo nama ku munsi wa gatandatu uza italike 29 z’uku kwezi kwa kabiri, bisigura ko vyari vyamaze kwakira ibiruwa yatanzwe na Sudani y’Epfo.

Uwujejwe kumenyeshamakuru mu biro bikuru vya EAC, Owaka, yavuze ko ico gihugu casiguye ko Reta mfatakibanza iriko irashirwaho muri Sudani y’Epfo ishobora kuzana impinduka no kuboserukira ico gihugu mu nama.

Aho ni mu gihe, uwahora arwanya Reta ya Sudani y’Epfo, Riek Machar yamaze kurahira mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu Salva Kiir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG