Uko wahagera

Inama Nshingamateka ya Cambodge mu Minwe y'Umugambwe Umwe


Umushikiranganji wa mbere wa Cambodge Hun Sen ariko aratora kuri uno wa 30/7/2018
Umushikiranganji wa mbere wa Cambodge Hun Sen ariko aratora kuri uno wa 30/7/2018

Igihugu ca Cambodge kimenyesha ko catsindiye ibibanza vyose vy’inama nshingamateka. Ivyo bisigura ko igihugu kigiye kuyoborwa n’umugambwe umwe rudende.

Ayo matora muri Cambodge yaraneguwe n’imigwi iharanira agateka ka muntu kubera umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta watswe uburenganzira bwo kwiyamamaza.

Umugambwe The Cambodian People’s Party (CPP) umenyesha ko ufise ibibanza 125 vyose vy’inama nshingamateka.

Abajijwe niba ivyavuye mu matora bishobora gutuma abantu batayaha agaciro, umuvugizi w’ umugambwe uri k’ubutegetsi CPP, Sok Eysan avuga ko badafise amakenga ku bishobora kuyavugwako.

Ati ahubwo “ivyavuye mu matora vyerekana ko habaye intambwe ya demokarasi muri Cambodge aho abanyagihugu bakoresheje uburenganzira bwabo bwo guhitamwo kazoza k’igihgugu cabo.”

Umushikiranganji mukuru wa Cambodge Hun Sen yari asanzwe atwaye igihugu imyaka 33, agiye kwongerako gutegeka iyindi myaka itanu ata yindi migwi nyayo ihangana nawe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG