Uko wahagera

Inama Nkuru y’Abakuru b’Ibihugu vyo muri Afrika Yareye Yerekanye ko Afrika, Iriko Yegera Ibihugu vyo mu Buseruko


Inama Nkuru y’Abakuru b’Ibihugu vyo muri Afrika Yareye Yerekanye ko Afrika, Iriko Yegera Ibihugu vyo mu Buseruko
Inama Nkuru y’Abakuru b’Ibihugu vyo muri Afrika Yareye Yerekanye ko Afrika, Iriko Yegera Ibihugu vyo mu Buseruko


Igihugu c’Ubushinois cari gifise icicaro c’icubahiro, igihe c’iyo nama nkuru y’abakuru bo mu bihugu vyo muri Afrika. Ibirori vyo kwugura iyo nama, vyaranzwe n’amajambo yo gushimira no gushimagiza igihugu c’Ubushinois catanze amadolari ibihumbi 200 yo kwubaka icicaro c’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika.

Abategetsi bashikirije amajambo, baravuze ku ruhara rukomeye, igihugu c’Ubushinois gisigaye gifise muri Afrika, hamwe n’ukuntu intara ya Afrika yanka inyifato y’ibihugu vyo mu burengero yo kwisuka mu vyerekeye iyo ntara.

Umunyamanga ajejwe ibikorwa vy’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, Jean Ping, yavuze kw’umwaka w’2011 wabaye umwaka w’amahinyu n’intambamyi nyinshi, akaba yavuze cane cane ukuntu ibihugu vyo mu burengero vyahadikirije intara ya Afrika kwemera inyishu vyafashe z’ibibazo vyo mu gihugu ca Libya no mu gihugu ca Cote D’Ivoire, maze bikanka inyishu z’ivyo bibazo, zari zashikirijwe n’ibihugu vyo muri Afrika.

Mu majmbo yasiguye mu congereza, Umushingantahe Ping yagize ati: Ibintu vyabaye mu mwaka w’2011, vyaratumye ibihugu vyo muri Afrika, bidashobora kwikora ku buryo bifise kandi ivyo biraheza bigira n’ingaruka ku buryo bw’intara ya Afrika yo gushobora kumenya, ibintu bishora kuzoba muri kazoza. Ati kenshi na kenshi, ivyo bihugu, vyarashoboye guhinyuza aho ubumwe bw’intara ya Afrika bugera, hamwe n’ububasha bw’abanyaAfrika bwo kurenganisha ivyupfuzo vyabo, ku bibazo nkoramutima vyerekeye iyo ntara.

Umutegetsi yahora arongoye ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika arangije ikiringo ciwe, Teodpre Obiang Nguema, yarareze inzego zo mu bihugu vyo mu burengero zirimwo, sentare mpuzamakungu ijejwe gukwirikirana ivyaha, ko yama iriko irarondera kwegekako ivyaha abanyaAfrika. Mu kiganiro yatanze mu rurimi rw’ikiEspagnol, rugasigurwa n’umuhinga mu vyererekeye indimi, umushingantahe Obiang yavuze kw’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika, badategerezwa kubandanya barera amaboko ku vyerekeye ibintu yavuze kw’arabanyamahanga bisuka mu vyerekeye intara ya Afrika.

Mu majambo yasiguye mu congereza agahindurwa n’umuhinga mu ndimi, umushingantahe Obiang yagize ati: Ishirahamwe rya Afrika rikwiye kwiga uburyo bwo gushinga sentare yaryo, izohora ikwirikirana ivyaha kugira ngo rihagarike akarenganyo n’ikumirwa tugize imisi tubona muri sentare mpuzamakungu ikwirikirana ivyaha. Ati ibihugu vyo muri Afrika bikwiye gufatana mu nda n’ugukorera hamwe, kugira ngo ibindi bihugu ntibinyage ububasha bwabo mu mugambi wo kubukoresha ibintu vyishakiye.

Umutgetsi yashikirije ijambo nyamukuru ry’uwo musi, n’umutegetsi mukuru wo mu gihugu c”Ubushinois ajejwe imigambi ya politike, Jia Qingling, yashikirije ijambo aho yavuze kw’imigambi y’ubushikirangaanji bujejwe imigenderanire y’igihugu c’Ubushinois, itandukanye n’imigambi y’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire yo mu bihugu vyo mu burengero.

Mw’ijambo yashikirije mu rurimi rw’igiChinois, rigahindurwa n’umuhinga mu vyerekeye indimi, yavuze kw’igihugu c’Ubushinois ataco kirinda gusaba imbere yo gufasha.

Ati igihugu c’Ubushinois kirashigikiye ibihugu vyo muri Afrika mu twigoro twavyo two kubungabunga ubwigenge bwavyo hamwe no gutora inyishu z’ibibabazo vyavyo. Ati twebwe tuvuga kw’ibihugu vyose, vyaba ibihugu binini canke bitoyi, bingana, kandi turiyamiriza inyifato y’ibihugu vy’ibihangange, bitunze bishaka gucinyiza ibihugu bitoyi bikenye.

Mur’ivyo birori vyo kw’ugurura iyo nama, president w’igihugu ca Benin Boni Yayi, yaratowe mu kibanza co kurongora ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika mu kiringo c’umwaka umwe. Ikibanza c’umukuru w’iryo shirahamwe, kirahinduka hisunzwe ibice vy’intara ya Afrika: President Boni Yayi, yari yashikirijwe n’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, bihurikiye mw’ishirahamwe Ecowas. N’umutegetsi yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, atwaye igihugu ca Beini mu kiringo c’imyaka itandatu.

Umunyamabanga ajejwe ibikorwa vy’ishirahamwe rya Afrika, Jean Ping niwe ahava ahagarikira ibikorwa vyo guhiganira ikibaza c’umunyamabanga arongora iryo shirahamwe. Iryo higanwa rija kuba hagati y’umushingantahe Jean Pin ubwiwe, ava mu gihugu ca Gabon, hamwe na Nkosazana Dimini- Zuma ava mu gihugu ca Afrika y’Epfo, mu matora, abakuru b’ibihugu bahava bagira mw’ibanga uyu musi ku wa mbere.

Tukiri kandi kur’iyi nkuru yerekeye inama nkuru y’ishirahamwe rya Africa, twaraganiye na professor Pacifique Manirakiza ku vyerekeye amajambo yahavugiwe, yerekana kw’ibihugu vyo muri Afrika bisa n’ibiriko biratsimbataza imigenderanire n’igihugu c’Ubushinois, mu gihe vyibonekeza ko bisigaye vyinuba ibihugu vyo mu burengero.

Mushobora kwumviriza iki kiganiro:

XS
SM
MD
LG