Uko wahagera

ONU: Isi Ihagurukire Kurwanya Etat Islamique


Inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarafashe icemezo ejo kuwa gatanu giha uburenganzira ibihugu vyose vyo mur’uwo muryango bifise uburyo ko vyogaba ibitero ku muhari wa Etat Islamique muri Siriya na Iraki mu ntumbero yo kuburizamwo ibindi bitero ushobora kugaba.

Inama ijejwe umutekano ya ONU yise uwo muhari wa Etat Islamique ko ari intambamyi ku mahoro n’umutekano kw’isi nzima. Isaba ibihugu vyose bifise uburyo gufata ingingo zose zishoboka zokurwanya uwo n’iyindi mihari y’iterabwoba.

Iyo nteko ya ONU isaba ibihugu bihurikiye mur’iryo shirahamwe gucunga abanyagihugu bavyo ntibaje kwifatanya n’uwo muhari wa muri Iraki na Siriya.

XS
SM
MD
LG