Uko wahagera

Imyiyerekano Yo Kwiyamiriza Amabanki N’ Amasosiyete Atunze Muri Amerika


Imyiyerekano Yo Kwiyamiriza Amabanki N’ Amasosiyete Atunze Muri Amerika
Imyiyerekano Yo Kwiyamiriza Amabanki N’ Amasosiyete Atunze Muri Amerika

Muri Amerika hariko haraba imyiyerekano y’ abantu biyamiriza ukugene ibintu vyifashe mu butunzi bw’ igihugu. Iyo myiyerekano yatanguriye hagati mu gisagara ca New York I Manhattan haciye hafi indwi zitatu ku kibanza ahari isoko ry’ imitahe Wall Street ubu ikaba imaze no gutandukira ibindi bisagara bitari bike vyo muri Amerika.

Abo bantu rero bariko biyamiriza amabanki n’ amasosiyete akomeye atunze cane muri Amerika bavuga ko ataco ariko arakora mu gufasha abantu benshi badafise akazi n’ abandi bantu basinzikaye kubera ubutunzi bwifashe nabi. Har’ abavuga ko abatumye iyo myiyerekano iba ar’ abantu bashigikiye presida Obama bashaka gusamaza igihugu ngo cibagire ingorane reta yiwe ifise mur’ iki gihe cane cane izerekeye ubutunzi. Yamara abandi bavuga ko abo bantu bagira imyiyerekano bahagurutse bakaja mu mabarabara kubera bashavujwe vy’ ukuri n’ ukuntu ibintu vyifashe muri Amerika n’ ubukene barimwo butera bwiyongera…

XS
SM
MD
LG