Abanyaliberiya ibihumbi n’ibihumbi bakoraniye ku murwa mukuru w’igihugu ca Liberiya, Monrovia, uno musi ku wa mbere, basaba Prezida George Weah gufata ingingo zikomeye z’ukugarukira ubutunzi bavuga ko bwifashe nabi cane muri iki gihe.
Abapolisi batari bake bajejwe kurwanya imigumuko barungitswe mu bibanza bitandukanye vya Monrovia. Amabarabara y’umurwa mukuru yagaragara mu gihe abakozi ba Reta batari bake batatonze ku kazi.
Abari mu myiyerekano basaba Prezida Weah kwirukana abantu bose bajejwe ivyerekeye ubutunzi. Bavuga ko batumye ubutunzi bw’igihugu buyanzara muri iki gihe.
Bugira kabiri imyiyerekano y’ukwiyamiriza ukugene Prezida Weah ariko avyifatamwo mu vyerekeye ubutunzi iba mu kiringo kiri musi y’umwaka.
Ubutunzi bw’igihugu ca Liberiya bwaratitutse bikomeye cane mu kiringo c’imyaka ibiri Perezida George Weah amaze ku butegetsi: Amwe mu ma banki ntagishobora kuriha abakiriya bayo, abakozi na bo baronka imishahara batevye mu gihe ibiciro vy’ibintu ngenderwako vyaduze cane.
Facebook Forum