Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abiyamiriza Reta muri Zimbabwe Yaburijwemwo


Abapolisi biriwe bakizura amabarabara ya Zimbabwe
Abapolisi biriwe bakizura amabarabara ya Zimbabwe

Amabarabara yagaragara uno musi kuwa gatanu mu bisagara vyo muri Zimbabwe. Ni mu gihe inteko amajana n’amajana hamwe n’igipolisi zaburijemwo imyiyerekano y’ukwiyamiriza Reta. Abateguye iyo myiyerekano bari bategekanije mu ntango kwiyamiriza ruswa mu nzego za Reta. Yamara mu nyuma yaho biyamirije umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF.

Icuka kibi kiriko kiriyongera muri Zimbabwe, kubera ubutunzi bw’igihugu buriko burayanzara. Mu bisanzwe uruja n’uruza mu mabarabara y’umurwa mukuru, Harare ruba rukomeye. Inteko zijejwe umutekano zarirukanye abantu ku murwa mukuru ku musi wa kane, zitegeka ibibanza bikorerwamwo imirimo y’ubudandaji kwugara.

Abatavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka muntu batangaza ko biboneye n’amaso yabo abantu bahagarikwa, batabwa mu mvuto abandi bakubitwa.

Abaharanira ko ibintu bihinduka n’abanyagihugu basanzwe baratotejwe bagirizwa kuba barenze ku matageko agenewe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona imbere y’imyiyerekano yari itegekanijwe kuba uno musi ku wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG