Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abatavuga Rumwe na Reta muri Zimbabwe


Abari mu myiyerekano yo kuri uno wagatatu
Abari mu myiyerekano yo kuri uno wagatatu

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bashigikiye abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Zimbabwe bagize imyiyerekano, uno musi ku wa gatatu, mu mabarabara y’umurwa mukuru, Harare. Basaba ko amatora ategekanijwe kuba kw’italiki 30 z’uku kwezi kw’indwi arangwa n’ubwigenge kandi atabamwo ubusuma. Bafise impungenge ko habaye amahinyu mu gushiraho intonde z’abatora.

Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yasubiriye Robert Mugabe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, yatanze umuhango w’amatora arangwa n’ubwigenge, atarimwo ubusuma kandi yizigiwe.

Yamara abatavuga rumwe na Reta bavuga ko bafise impungenge ko ayo matora ashobora kubamwo ubusuma. Bamenyesheje ko badashobora kugira uruhara mu matora nkayo.

Uno musi ku wa gatatu, abantu ibuhumbi n’ibihumbi b’umugambwe utavuga rumwe na Reta, MDC, bambaye impuzu z’amabara y’umugambwe, bagize imyiyerekano aho bateye bagana icicaro c’umurwi w’igihugu ujejwe amatora aho bashikirije urwandiko rwabo.

Urutonde rw’abazotora rutegerezwa kwihwezwa neza n’indorerezi z’abanyamahanga zizorungikwa muri Zimbabwe kugira zibone ko amatora yo mu kw’italiki 30 z’uku kwezi azoba yizigiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG