Uko wahagera

Pakistan: Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi mu Myiyerekano


Abantu ibihumbi n'ibihumbi baturuka mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, mu myiyerekano yo guhmbaza ingingo ya Sentare Nkuru y'Igihugu
Abantu ibihumbi n'ibihumbi baturuka mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, mu myiyerekano yo guhmbaza ingingo ya Sentare Nkuru y'Igihugu

Abanyagihugu ibihumbi vy’abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na Reta muri Pakistani, ahuriye k’umugwa mukuru wa Pakistani, kur’uyu wa gatatu, guhimbaza ingingo ya Sentare ishobora gutuma hakorwa amatohoza ku birego bijanye n’inyuruzwa ry’ubutunzi bw’igihugu ryagirwa Umushikiranganji wa mbere Nawaz Sharif.

Ivyo birego vyasohotse mu nzandiko z’ubutunzi, bise Papiers Panama, zivuga k’ububiko bw’amafaranga ari hanze y’igihugu, yegukira abahungu babiri n’umukobwa wa Nawaz Sharif hamwe n’abandi banya Pakistani batari bake.

Iyo myiyerekano yatunganijwe na Imran Khan, atavuga rumwe na Reta, amenyesha ko ifise intumbero yo gusaba bashimitse ko hokogwa amatohoza mu bwigenge ku bijanye n’ainyubakwa z’amadolari aharugwa muma miliyaridi n’ubundi butunzi buri hanze y’Igihugu bwa Nawaz Sharif.

Sentare Nkuru y’Igihugu yatangaje kur’uyu wa kabiri ko ifise umugambi wo gushinga umugwi ujejwe kwiga ivyo birego. Khan yavye ko Nawaz Sharif yotanga imihoho kugira amatohoza yorohe. Yamara Reta ya Pakistani yahakanye ivyo Khan asaba, ikavuga ko yorindira ubutungane bugakora.

XS
SM
MD
LG