Uko wahagera

Etiyopiya: 97 Barishwe Bari mu Myiyerekano


Imyiyerekano mu karere ka Oromiya, muri Etiyopiya
Imyiyerekano mu karere ka Oromiya, muri Etiyopiya

Muri Etiyopiya, abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’imigwi y’abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abantu batari bake basize ubuzima abandi bagakomerekera mu myiyerekano yabaye kur’uyu wagatandatu, aho abajejwe umutekano barasa abanyagihugu bari mur’iyo myiyerekano.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryo mu Bwongereza "Amnesty International", ryemeza kw’abantu bashika ku 97 bapfuye bari mur’iyo myiyerekano mu karere ka Oromia, n’ibice vyo mu karere ka Amhara.

Reta ya Etiyopiya ituma urutoke abo bitavuga rumwe, ikavuga ko bamwe mu bari mu myiyerekano bari bitwaje ibigwanisho. Ivyo abatavuga rumwe na Reta barabihakana, bakavuga ko abari mu myiyerekano bayikoze mu mutekano.

Iyo myiyerekano muri Etiyopiya ituruka ku mugambi wa Reta, abanyagihugu ba Oromia biyamiriza. Uwo mugambi ujanye no kuzana akarere ka Oromia kagakukira umugwa mukuru wa Etiyopiya, Addis-Abeba.

XS
SM
MD
LG