Uko wahagera

Imyiyerekano Irakomeje muri Alijeriya


Abantu amajana n’amajana bagize imyiyerekano mu gihugu ca Algeriya ku musi wa gatanu ugira uw’icenda. Iyo myiyerekano igenewe kwiyamiriza ubuyobozi buri mu gihugu. Basaba ko umutegetsi mukuru w’igisirikare atanga imihoho.

Mu gihe abapolisi barungitswe mu bice vyose vy’umurwa mukuru, Algers, abari mu myiyerekano bakoraniye mu kibanza gikuru c’iposita mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu. Ico kibanza carakoreshejwe cane mu myiyerekano imaze indwi zitari nke iza yatumye uwahoze ari Prezida Abdelaziz Bouteflika atanga imihoho.

Abari mu myiyerekano basemerera amajambo yiyamiriza inzego z’ubutegetsi zihari muri iki gihe. Bavugako abayoboye izo nzego ari abasuma bazingamitse igihugu.

Moustapha Bouchachi, umuhinga mu vyerekeye amategeko, akaba kandi aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu, yatangaje ko imyiyerekano mu mahoro yotegerezwa kaubandanya gushika abategetsi bakomeye bari mu nzego z’ubutegetsi muri iki gihe bavaho bose. Avuga ko iyo myiyerekano yotegerezwa kubandanya gushika habaye demokrasi yuzuriza bose muri Algeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG