Uko wahagera

RDC: Imyiyerekano Yavuyemwo Intureka


Abanyagihugu bo muri Republika iharanira demokarasi ya kongo mu myiyerekano
Abanyagihugu bo muri Republika iharanira demokarasi ya kongo mu myiyerekano

Muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, igipolisi kimenyesha ko abantu 17, bagizwe n’abapolisi 3 hamwe n’abanyagihugu 14 basize ubuzima mu myiyerekano yabaye kur’uyu wa mbere, ku mugwa mukuru wa Congo, i Kinshasa.

Nkuko bivugwa n’abategetsi, iyo myiyerekano yadutsemwo intureka, aho abanyagihugu bateye amabuye, baturira n’amapine y’imiduga, igipolisi gica gitangura gutera ivyuka vyokera, kirongera kirasisha amasasu y’ukuri ku bari mur'iyo myiyerekano.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza Perezida Joseph Kabila ko ariko aragerageza kwongereza ikiringo ciwe, arenze Ibwirizwa Shingiro, mu kwigizayo amatora. Ivyo abanywanyi ba Perezida Kabila barabihakana.

Kur’uyu wa mbere, niho hategerezwa gutangazwa ibijanye n’amatora ategekanywa kuba mu kwezi kwa 11. Yamara umugwi ujejwe amatora umenyesha ko ayo matora ategerezwa kwigizwa mu mwaka uza, kugira uronke umwanya wo gusubiramwo ibijanye n’intonde z’abazotora.

Leta Zunze Ubumwe z'Amerika imenyesha ko ibabajwe n’uko programa y’amatora itasohotse kur’uyu wa mbere, kandi ko itewe amakenga n’izo ntureka zadutse.

Amerika ivuga kandi ko ishobora gufatira ibihano abategetsi ba Congo bafise uruhara mur’izo ntureka.

XS
SM
MD
LG