Uko wahagera

Imyaka Cumi Irarumanye Ernest Manirumva Agandaguwe


Ernest Manirumva yahoze ari icegera c'uwurongoye OLUCOME
Ernest Manirumva yahoze ari icegera c'uwurongoye OLUCOME

Imyaka cumi irarumanye Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwutwara ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire mu Burundi, OLUCOME, agandaguwe n’abantu bataramenyekana.

Manirumva yagandaguwe mu gihe yariko akora amatohoza kw’igurwa ry’ibirwanisho mu mpisho vyari bigenewe igipolisi c’Uburundi.

Akigandagurwa ababibonye bemeje ko yoba yishwe akubiswe ikintu mu mutwe. Ikiziga ciwe caje gutabwa imbere y'umuhana wiwe uherereye muri Karitiye ya Mutanga cuzuye amaraso kandi biboneka ko "Yananizwe."

Polisi y'Uburundi mu matohoza yashize ahabona yerekanye ko imbere y'uko Manirumva agandagurwa ibiro vyiwe vyabomowe, amadosiye atari make yari muri ivyo biro n'ayari mu nzu iwe akibwa.

Ku ruhande rw'igipolisi c’Amerika kijejwe gutohoza ku vyaha bikomakomeye, FBI, berekanye ko mu bakekwa kwica Manirumva harimwo abari mu nzego za Reta y’Uburundi.

Amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya Politike mu Burundi na mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu nka Human Right Watch basaba amakungu gufasha kugira abagirizwa ubwo bwicanyi bafatwe.

Inkuru yateguwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:06 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG