Mu myaka cumi iheze, aho hari kw’igenekerezo rya 11 ry’Ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001, umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba, al-Qaida, wari urongowe na Osama Bin Laden, warakora ibitero vy’iterabwoba muri Reta Zunze ubumwe za Amerika, bihitana ubuzima bw’abanyamerika bashika ibihumbi bitatu.
Kuva ivyo bitero bibaye rero, ibintu bitari bike, vyarahindutse: Reta zunze ubumwe za amerika zaciye zishinga ubushikiranganji bushasha bujejwe kwitaho umutekano w’igihugu, hongera harafatwa ingingo zitari nke zifise umugambi wo kubungabunga umutekano kurusha mbere.
Ivyo bitero vyabaye hamwe n’izo ngingo zafashwe, vyaragize ingaruka ku kuntu abanyagihugu bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika babayeho, eka vyaragize ingaruka kandi no ku banyagihugu bo kw’isi hose.
Mu kiganiro cacu Dusangire Ijambo co mur’iyi ndwi, twaraganiye n’abantu babonye ukuntu ivyo bitero biba mu gisagara ca New York, hamwe n’abiboneye ingaruka za mbere z’ivyo bitero, barimwo Jean Baptiste Hajayandi, umushakashatsi ari muri program PHD, muri kaminuza, Stony Brooks mu gisagara ca New York, Deo Hakizimana, umukuru w’ishirahamwe CIRID akaba kandi yarahiganye mu matora y’umukuru w’igihugu mu Burundi, hamwe na Jean Paul Rwitanaga wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu.
Ni mwumvirize
: