Uko wahagera

Imyaka 242 Irarumanye Amerika Yikukiye


Ifoto yafashwe mu bucagucagu bw'uno wa gatatu yerekana amabendera ya Amerika ari ku cibutso ca Perezida wa mbere George Washington.
Ifoto yafashwe mu bucagucagu bw'uno wa gatatu yerekana amabendera ya Amerika ari ku cibutso ca Perezida wa mbere George Washington.

Kuri uno wa gatatu, Amerika iriko irahimbaza imyaka 242 irumanye yikukiye. Bitegekanijwe ko perezida Donald Trump n’umufasha wiwe Melania bahava bakira mu ngoro yabo imiryango y’abasirikare bakayifungurira.

Inama nshingamateka yashize ahabona itegeko ryo kwikukira igenekerezo rya kabiri z’ukwezi kw’indwi mu 1772, rihava ryemezwa n’abaserukira intara cumi na zitatu inyuma y'imisi ibiri.

Ikindi Amerika yibuka uno munsi, ni batatu bahoze baramutswa igihugu bashengeye kuri ino tariki: John Adams perezida agira kabiri wa Amerika na Thomas Jefferson ari nawe yanditse urwandiko rugenga ukwikukira bashengeye kuri rino genekerezo mu 1826. James Monroe yabaye perezida wa Amerika agira gatanu we yashengeye mu 1831 kuri rino genekerezo nyene.

Abanyamerika baha ikibanza gikomeye no munsi wo kwikukira. Ibihumbi n’ibihumbi bahurira hamwe mu bisagara bitandukanye aho baturaguritsa ibicanwa ataco vyica mu birere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG