Uko wahagera

Impunzi z'Abarundi Zabonye Isoko Ryo Gushona Udupfukamunwa


Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Mahama mu Rwanda
Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Mahama mu Rwanda

Ikigo Maison Shalom gifasha impunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda caronse isoko ryo gukora udufukamunwa duhabwa impunzi zirenga 60,000 ziri mw’ikambi ya Mahama muri ico gihugu. Ni mu ntumbero yo kuzirinda ikiza c’umugera wa Corona.

Utwo dupfukamunwa dushonwa n’impunzi zahungiye muri iyo kambi nyene, zigishijwe n’ico kigo umwuga wo gushona.

Marguerite Barankitse atwara ico kigo arashima ko impunzi z’Abarundi na zo zigiye gufasha mw’iterambere ry’u Rwanda.

Ico kigo kiri mu nganda canke ama ateliye ashona impuzu arenga 80, ikigo gishinzwe kugenzura ibiribwa n’imiti mu Rwanda cahaye isoko ryo gukora udufukanumwa two kwikingira ikiza c’umugera wa Corona.

Barankitse atwara, avuga ko kuba baragomwe vyerekana ko abahunze na bo bafise ico bashoboye.

Bakora udupfukamunwa dushika 2,000 ku munsi. Barankitse avuga ko bazoshora n’ahandi.

Ikigo Maison Shalom cemeza ko kubera iryo soko baronse, izo mpunzi zizohakura uburyo bwo kwibeshaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG