Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko Ibandanya Kwiyamiriza Inteko Mvamakungu


Ubuserukizi bwa Sudani yo mu bumanuko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ko hari abakozi batanu bo mur’ivyo biro batswe impapuro z’ingendo, bagirizwa kuba barafashije kugira ONU ifate ingingo yo kurungika inteko mvamakungu muri Sudani y’Ubumanuko.

Abanyagihugu bo muri Sudani y’Ubumanuko, basanzwe baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bakoze imyiyerekano kur’uyu wa kane, imbere y’ibiro vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Abo banyagihugu bari baje gushigikira urwandiko ONU iriko irakorerako, rwo kurungika inteko mvamakungu zija gukingira abanyagihugu mu gihugu cabo.

Abari mur’iyo myiyerekano bavuga ko abanyagihugu bo mu gihugu cabo basinzikajwe n’intambara yamaze imyaka ibiri n’igice, hamwe n’iyiheruka yabaye mu kwezi guheze kw’indwi.

Ambasaderi Joseph Moum Malok, icegera c’uwuserukira Sudani y’Ubumanuko muri ONU, yagabishije abari mur’iyo myiyerekano, ababwira ko boyitondera, avuga ko ibihugu birungika inteko navyo nyene ata mahoro abirimwo.

Abari mur’iyo myiyerekano bashikirije urwandiko inama y’umutekano ya ONU, ruvuga ko bashigikiye inteko mvamakungu, no gusaba ibihano hamwe no kubuza ibigwanisho vyinjira aho muri Sudani y’Ubumanuko.

XS
SM
MD
LG