Uko wahagera

Imiryango y'Abafungiwe mu Gasho k'i Ngozi mu Burundi Irabatabariza


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Amakuru dukesha bamwe mu baryango b’abagorogwa bapfungiwe mw’ibohero rya Ngozi avuga ko ubuzima bw’abariyo butifashe neza. Imvo ituma batoroherwa nk’uko abo dukesha amakuru babivuga, ni ubwinshi bw’abapfungiwe muri iryo bohero.

Ibiharuro dukesha bamwe mu begereye abarangurira imirimo mw’ibohero ry’abagabo rya Ngozi, vyerekana ko hapfungiweyo abantu barenga gato 1700 mu gihe ryubakwa ryari ryateguriwe kwakira abagera kuri 400 gusa. Ibibazo nyamukuru bafise ni uburyamo kuko hari abadaheza ngo baronke aho bihengeka hageze kuryama. Basigura ko bituma haba kwandukizanya indwara iyo hagize n’umwe afatwa nk’uko biherutse kwibonekeza ku bagwaye agasama.

Babicishije ku miryango yabo, abo bagororwa bashikiriza icipfuzo c’uko amasentare yoshira mu ngiro ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji mushasha w’ubutungane. Iyo ngingo itanga ikiringo c’amezi 2 gusa kugira imanza zadindiye zizobe zarangiye kuburanishwa. Abanyororo bakabona ko iyo ngingo ishizwe mu ngiro vyofasha kugabanura ubwinshi barimwo, bagatezuriwa.

Ivyo biri uko mu gihe amashirahamwe aharanira agateka k’abanyororo yaramaze kugira ico avuga ku bwinshi bw’abanyororo mu mabohero. Kuva mu mwaka wa 2018, ishirahamwe AVDP mu ntara z’uburaruko ntiryahengeshanije gusaba ko ubushikiranganji bwosubiriza igihano co gufungwa n’ibikorwa vy’iterambere rusangi. Iryo shirahamwe rikabona ko vyofasha kugabanura ubwinshi bw’abanyororo.

Iruhande y’ivyo, ishirahamwe NTABARIZA riharanira agateka k’abanyororo ribona ko hoba ugutezurira abapfunzwe bigenjeje neza, inyuma yo kurangiza ica kane c’igihano baciriwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG