Ikiza ca Sida cibutswe mu gihe kw’isi hose hari ikindi kiza cadutse. Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kugwanya ikiza ca SIDA (ONUSIDA) bivuga kw’ivyo vyatumye abantu bagwaye umugera utera SIDA bagira ibibazo bikomeye mu kutavugwa neza, canke mu kutaronswa imfashanyo ikwiye: Ivyo navyo bikiyongera kw’ikumirwa n’akarenganyo abagenda uyo mugera bakorerwa.
Ivyo biro mpuzamakungu bisaba amareta kwongereza imitahe n’utwigoro two kugwanya umugera utera SIDA n’ibindi biza. ONUSIDA ivuga kandi kw’ iyaba inzego z’ubuvuzi zari ziteguye kugwanya ingwara zitandukanye, vyari kworohera isi kugwanya ikiza gishasha ca Corona.
Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyerekana ko hashobora kwibonekeza abantu bashasha bari hagati y’ibihumbi 123 na 293, bashobora kwandura umugera utera SIDA,
mu gihe ico kiza gishobora guhitana abashika ku bihumbi 148 mu myaka ibiri iri imbere, bitewe n’ikiza gishasha ca Corona.
Facebook Forum