Uko wahagera

Ikindi Gihuhusi Citezwe muri Mozambique Iri Joro


Ester Thoma atetse mu matongo y'urugo rwiwe rwabomowe n'igihuhusi Idai
Ester Thoma atetse mu matongo y'urugo rwiwe rwabomowe n'igihuhusi Idai

Igihuhusi gishasha gikomeye, Kenneth, kiritezwe mu buraruko bw’igihugu ca Mozambike mu masaha ya kare yo ku musi wa gatanu. Ni indwi 6 inyuma yuko igihuhusi Idai gisinzikaje bikomeye ibice vyo hagati mu gihugu, abantu amajana n’amajana barahasiga ubuzima.

Mozambike ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi. Igihuhusi Idai carageramiye bikomeye ivyimburwa muri ico gihugu. Abantu ibihumbi amajana n’amajana bashobora kugeramirwa n’inzara mu mezi ari imbere. Igihuhusi gishasha, Kenneth, citezwe kizogeramira kurushiriza utwigoro tw’ukwogorora ku vyerekeye igihuhusi Idai.

Igihuhusi Kenneth gishobora gutuma haba imvura y’isegenya n’imyuzure mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambike no mu bumanuko bw’igihugu ca Tanzaniya. Igice co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambike nticari cashikiwe n’igihuhusi Idai cabaye imbere yaho. Ababa mu bice vyegereye ibahari basabwe kuhava.

Igihuhusi Kenneth kizogeramira igice co muri Mozambike aho abanyagihugu batamenyeye ibihuhusi bikomeye nk'ivyo.

Igihuhusi Kenneth kibonwa ko gishobora kuba gifise inguvu nk’iz'igihuhusi Idai cabaye imbere y'aho. Ivyo biriko bivyura amakenga ku vyerekeye ihindagurika ry’ibihe.

Mu gihe kiriko cegereza Mozambike, igihuhusi Kenneth casize abantu mu mazinga ya Comores batagira umuyagankuba, mu gihe bamwe muribo batakaje amazu yabo. Nta makuru yerekeye aboba bahasize ubuzima canke abakomeretse yatangajwe buno nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG