Uko wahagera

Ikiganiro ca Nyuma ca Prezida Obama n'Abasirikare


Prezida Barack Obama m'umubonano wiwe wa nyuma n'abasirikare ba Amerika
Prezida Barack Obama m'umubonano wiwe wa nyuma n'abasirikare ba Amerika

Mw’ijambo ryiwe rya nyuma ku bijanye n’umutekano, Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashimiye abajejwe umutekano hano muri Amerika. Mur’iryo jambo yashikirije kur’uyu wa kabiri, mu kigo c’abasirikare MacDill Air Force Base, mu gisagara ca Tampa, muri Reta ya Floride, Prezida Obama yamiriye kure akamo ka Donald Trump aheruka gutogwa ngw’arongore Igihugu, ku bijanye no kwinuba abayoboke b’idini rya Isilamu.

Imbere yo gushikiriza iryo jambo, Prezida Obama yagiranye umubonano n’abarongoye abandi mu gisirikare, aho yagarutse k’urupfu gwa AL-Ben Laden no ku ntambara yo kugwanya iterabwoba yaranze ibiringo vyiwe bibiri. Yibukije abar’aho ko yatanguye ikiringo ca mbere hari abasirikare bashika ku Bihumbi Ijana na Mirongo Umunani bari muri Iraki na Afuganistani, akaba arangije ico gitigiri ubu kiri munsi y’Ibihumbi Cumi na Bitanu.

Max Abrahms, umuhinga muvy’iterabwoba muri Kaminuza ya Northeastern, amenyesha ko icaha c’inyanduruko kuri Iraki yabaye ingingo yafashwe na Prezida George W. Bush yo gutembagaza intwaro ya Saddam Hussein. Abrahms atuma urutoke Prezida Obama ko nawe yahinduye intwaro mu gihugu ca Libiya, yamara avuga ko ibikorwa vya Prezida Obama m’ukugwanya iterabwoba arivyo gushima.

XS
SM
MD
LG