Uko wahagera

USA: Trump Ashobora Kutemera Ibizova mu Matora


Umukandida Donald Trump, w'aba Republikani, mu kiganiro ca nyuma c'impari, mw'ihiganwa ry'Umukuru w'Igihugu ca Amerika
Umukandida Donald Trump, w'aba Republikani, mu kiganiro ca nyuma c'impari, mw'ihiganwa ry'Umukuru w'Igihugu ca Amerika

Ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu, niho abakandida bari mw’ihiganwa ry’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Hillary Clinton w’aba Demokrate na Donald Trump w’aba Republikani, bahurira mu kiganiro ca nyuma c’impari, ikiganiro cabereye muri Reta ya Nevada, mu gisagara ca Las Vegas.

Abo bakandida baciye hirya no hino ibibazo bitandukanye biraje ishinga Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’ibijanye n’ubutunzi, ikibazo c’abimukira n’impuzi zinjira muri Amerika zitabitiye uburenganzira.

Ku bijanye n’abimukira, umukandida Trump w’aba Republikani yatumye urutoke Clinton w’aba Democrate ko afise umugambi wo guha ubwenegihugu abimukira bose, n’abatabifitiye uburenganizira. Mur’ico kiganiro, Trump yavuze afise umugambi wo kwirukana mu gihhugu abo yise abantu babi bose.

Hillary Clinton yamubwiye ko atemera umugambi wiwe. Clinton avuga ko ashigikiye umutekano ku mipaka, yamara ko kwirukana abo bimukira basanzwe bari muri Amerika ar’ugusambura imiryango.

Trump yatumye urutoke uwo bahiganwa ko yamushuhuriyeko abakenyezi kugira bamwagirize ku bijnaye n’inyifato yiwe kuri bo. Donald Trump akaba kandi yamenyesheje mur’ico kiganiro ko afise amakenga ku bizova mur’ayo matora, mu kuvuga ko ashobora kutemera ibizoyavamwo, kwazobimenya hageze.

XS
SM
MD
LG