Uko wahagera

Ikibazo co Kurya Ibiturire, Carabaye Ndanse Mu Burundi


Kurya ibirurire mu Burundi no kunyonora umutungo w’igihugu, bisa n’ivyafashe iyindi ntumbero mur’iyi myaka iheze. Abategetsi barashikirije ingingo bavuga ko zari zifise umugambi wo guhasha ba kaboko hamwe n’abarya ibiturire, yamara izo ngingo nta kintu kiboneka zashitseko. Harashinzwe umurwi ujejwe kugenduza no gushengeza abasesagura umutungo w’igihugu hamwe n’abarya ibiturire, ariko vyabaye impfagusa: Mbega hakwiye gufatwa izindi ngingo za ruhasha? Mbega igituma, ata bantu barya ibiturire bashengezwa turabona n’ukubera iki? Inyishu z’ibi bibazo, muzisanga mur’iki kiganiro, twagiranye n’abategetsi barongoye imigambwe mu Burundi, barimwo, Jeremie Ngekumana, arongoye umugambwe CNDD-FDD, Bonaventure Niyoyankana arongoye umugambwe Uprona, Jean Minani arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri, hamwe na Frederic Bamvuginyumvira, arongoye umugambwe, Sahwanya Frodebu:

Mushobora kwumviriza.

XS
SM
MD
LG