Uko wahagera

Ijwi ry'Amerika Ishobora Kwemererwa Gusubira Gukorera mu Burundi


Ahakorera Ijwi ry'Amerika
Ahakorera Ijwi ry'Amerika

Abagize urwego CNC rucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi bakoranye kuri uno wa gatanu barabira hamwe ingene ibimenyeshamakuru vyugawe n'urwo rwego vyotezurirwa bigasubira gukorera muri ico gihugu. Mu biri ku rutonde rw'ibizosubizwa impusha zo gukorera ku butaka bw'Uburundi, harimwo Ijwi ry'Amerika ryatswe FM zayo kuva mu 2018.

CNC yatumyeko ndetse inama iyihuza n'ibinyamakuru vyose vyugawe n'urwo rwego ku munsi wa mbere uza. Ni inama itumweko inyuma yaho Perezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, avugiye ku munsi wa kane w'ino ndwi ko ibinyamakuru vyose vyugawe vyokugururwa bigaterera mw’iterambere ry’igihugu. Nestor Bankumukunzi atwara CNC yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyugururwa ry'ivyo bimenyeshamakuru vyugawe bifatiwe ibihano n’urwo rwego ari vuba.

Kuri dosiye y'Ijwi ry'Amerika mu majambo yiwe yagize ati:“Ubu turi mu nama. Turiko turaca hirya no hino amategeko, turabe ico avuga n’aho Ijwi ry' Amerika rihagaze, isubire gukora ukuri kwamye. Gurtyo turatora umuti. Turaja kugira ico dushikirije ku vyerekeye iyugururwa ry’iyi radiyo yanyu”.

Mu nyuma, Ijwi ry'Amerika ryamuhamagaye, ariko ntivyadukundiye ko tuvugana kuri telefone yiwe ngendanwa. Ico bikoze, urwo rwego rwarungikiye ubutumire amaradiyo yegwa n’ico kibazo. Mu bahawe ubutumire Ijwi ry' Amerika ririmwo hamwe na BBC y’Abongereza.

Ubwo butumire bwahawe n’ayandi maradiyo yugawe buvuga buti : “Urwego CNC ruratumiye uwurongoye iyi radiyo mu nama izoba ku munsi wa mbere. Tuzokwigira hamwe ikibazo c’iyi radiyo n’ingene cotorerwa umuti igasubira gukora”.

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya niba amaradiyo nka RPA, Bonesha FM na Radiyo TV Renaissance zaturiwe mu mwaka w’2015, zirimwo. Kuri ico kibazo Bankumukunzi yishuye ati: “Nakubwiye ko ari amaradiyo n’ibimenyeskamakuru vyafatiwe ibihano n’urwego CNC gusa”.

Yamara twamenye ko uwutwara Radiyo Bonesha FM, Léon Masengo, urwego CNC rwamutelefonye kugira azokwitabe ubwo butumire. Iyo radiyo yari yitwaye muri sentare ijejwe guca imanza z’akazi, Cour administrative, haraheze igihe isaba kongera gukora. Ayo maradiyo yose yari yahagaritswe yagirizwa ko yifatanije n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza mu mwaka w’2015.

Urwego CNC rwemeje ko rushaka gushira mu ngiro ivyo rwasabwe n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa kane. Perezida Evariste Ndayishimiye yari yatangaje ko yipfuza kwunga ubucuti n’amaradiyo, ibimenyeshamakuru, n’abamenyeshamakuru.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’Abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontières, rirashima iyo ngendo nshasha y’ubutegetsi. Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yavuze ko “RSF ishima cane iyo ngingo y’umukuru w’igihugu yo gusubira kwemerera amaradiyo mpuzamakungu gusubira gusamiranira mu gihugu.". Yabandanije agira ati:" Nukuri n’ikimenyetso ciza kije gikurikira ifungurwa ry’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, bari bamaze umwaka urenga bazira akazi bakoze. Turabona ko ingendo ari nziza hamwe vyobandanya gutyo, ariko impinga n’ubundi iracari ndende kugira hagaruke ukwizerana hagati y’abamenyeshamakuru n’ubutegetsi, inyuma y’imyaka 5 baburabuzwa”.

RSF risaba ko umukuru w’igihugu yotera iyindi ntambwe akemerera n’abamenyeshamakuru barenga 100 bahunze, gutahuka. “Nimba hariho ikintu kindi cihutirwa co gukora kugira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru busubire kunaguka mu Burundi ni ukwugurura n’ayo maradiyo yandi yaturiwe, hamwe no guha akaryo keza abamenyeshamakuru barenga 100 bahunze. Ntivyumvikana ingene inyuma y’imyaka 5, abamenyeshamakuru nk’abo baguma bumva ko umutekano wabo udakingiwe kandi ko badashobora kuja gusubira kurangurira akazi k’abo mu gihugu c’abo. Abo vyega bose babwirizwa gutorera umuti ico kibazo, kugira banahunguke”.

Kuva mu mwaka w’2015, Uburundi bwarasubiye inyuma mu bwigenge bwo kumenyesha amakuru. Icegeranyo ca RSF, cerekana ko ico gihugu ari co kiza kw’isonga mu kubangamira ubwigenge bwo kurondera no kumenyesha amakuru mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Kiri ku rutonde rw’160 ku bihugu 180 vyakozweko amatohoza. Imbere yaho, Uburundi bwari mu kibanza c’142.

Ni Ayahe Maradiyo Azotezurirwa na CNC?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:10 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG