Uko wahagera

Ijambo nyamukuru, president Obama yashikirije, ryerekeye imigambi ya Amerika muri Israeli na Palestine


U.S. President Barack Obama receives a standing ovation after a speech about the United States' policy on the Middle East and North Africa at the State Department in Washington May 19, 2011.
U.S. President Barack Obama receives a standing ovation after a speech about the United States' policy on the Middle East and North Africa at the State Department in Washington May 19, 2011.

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yarashigikiye umugambi ukomeye w’abanyaPalestine w’igihugu cigenga, akaba yavuze kw’imbibe zikwiye kuba, imbibe zisunga izari, zihari, imbere y’ingwano yo mu 1967, yamaze imisi itandatu.

Mw’ijambo rikomeye ryerekeye politike ya reta zunze ubumwe za amerika mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati yashikirije, umushingantahe Obama yavuze kw’izo mbibe zikwiye kuba imbibe zo mu 1967, maze ivyo bihugu bigaheza bigahana intara, kugira ngo imbibe zirimwo umutekano kandi zizwi, ziboneke hagati y’ivyo bihugu, uko ari bibiri.

President Obama yavuze kw’abanyaPalestine bategerezwa kuronka uburenganzira bwo kwitwara mu gihugu cigenga, kibana n’ibindi bihugu.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli, Benjamin Netanyahu, yaciye yiyamiriza amajambo yashikirijwe n’umushingantahe Obama, akaba yavuze kw’imbibe zo mu 1967, zidashobora gusubirwamwo ku gihugu ca Israeli.

Yavuze ko mu gihe igihugu ca Israeli cova mur’izo ntara, cosanga gisize inyuma, intara zikomeye z’abayahudi, mu ntara ya Sisjordanie, zoba zibaye hanze y’igihugu ca Israeli.

Umushingantahe Obama, uyu musi ku wa gatanu, ahava yakira umushingantahe Netanyahu muri presidence: Inama bahava bagira, ishobora kuba irimwo ibintu vyinshi batumvikanako:

Muri kahise, abo bategetsi baragize inama, batumvikanyeko ku vyerekeye ibibazo bitari bike hagati ya Israeli na Palestine.

XS
SM
MD
LG