Uko wahagera

Ihonyabwoko Rishobora Kwaduka Muri Sudani y'Ubumanuko


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko
Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko

Mu ntango z’uku kwezi kwa Cumi na Kabiri, intumwa ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu yaragabishije ihonyabwoko mu turere tumwe tumwe, muri Sudani y’Ubumanuko.

Inyuma y’iminsi Cumi agendeye Sudani y’Ubumanuko, Yasmin Sooka, yar’arongoye umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu yaratangaje ko abatari bake bataye izabo kubera inzara, gufatwa ku nguvu mu kivunga, n’uguturirwa kw’ibisagara babayemwo.

Kur’uyu wa kane, abari mu kiganiro catunganijwe n’ikigo c’amahoro hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’ikigo ndangamico Holocauste, co kwibuka ihonyabwoko ryakorewe abayahudi, bagarutse k’uburyo bokinga intureka mu bihugu haba hagamije ihonyabwoko.

Cameron Hudson, umuyobozi w’Ikigo Simon Skjodt, kijejwe gukinga ihonyabwoko mu kigo ndangamico Holocauste, amenyesha ko bakwiye kugaba kubishobora gutuma ihonyabwoko ryaduka muri Sudani y’Ubumanuko. Hudson avuga ko iryo honyabwoko rishobora kwaduka mu gihe hano muri Amerika Prezida Obama azoba ariko arasezera, co kimwe no muri ONU aho Ban Ki-Moon azoba ariko arakinjura ikiringo ciwe giheze.

Mwomenya ko muri Sudani y’Ubumanuko vyananiranye gushiraho Reta mfatakibanza, inyuma y’intambara zadutse mu kwezi kw’Indwi, hagati y’ingabo za Prezida Salva Kiir na Riek Machar yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere.

XS
SM
MD
LG