Uko wahagera

Ihagarikwa ry'Abapolisi Bagirizwa Guhohotera Umutama mu Burundi


Bamwe mu ba Polisi b'Abarundi bariko batuza imyiyerekano yo mu 2015

Ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi butangaza ko abapoilisi bagirizwa guhohotera umutama ageze mu za bukuru wo muri komine Mugara y’intara ya Rumonge mu Burundi bamwagiriza uburozi batawe muri yompi kuri uno wa kane.

Amasanamu yatanguye guca ku mbuga ngurukanabumenyi ku wa gatatu yerekana abapolisi bane b’Abarundi bari mu mwambaro wabo w’akazi bariko bakubita umutama azwi kw’izina rya Vyemero acuramye, umwe muri bo amaufashe mw'izosi.

Umwe mu bapolisi bari muri iyo videwo yumvikana agira ati: “Ni mundabire umupanga ukarishe ce nkurako izosi.” Ayo majambo uwo mu polisi ayavuga inyuma yaho bagenzi biwe bategekeye uwo mugabo gucurama akamanika amaguru ku ruhome umutwe awurabisha hasi.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ritangaza ko abanyagihugu baba mu micungararao y’umuhana w’umutama Vyemero w'imyaka 70 baribwiye ko yahohotewe yagirizwa kwica umwana w’umukobwa akoresheje uburozi.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi rubicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter rwavuze ko amatohoza aza yatanguye, bwongera bwemeza ko ababikoze babitumwe “ n’abansi b’igihugu.” Mu gihe hasigaye iminsi mike ngo akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu gahurire I Geneve mu Busuwisi.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike na mpuzamakungu arimwo ONU yumvikana akatari gake yagiriza polisi y'Uburundi guhohotera kiremwamuntu. Ivyagiriji Uburundi bukomeje kwamirira kure mu kuvuga ko ababivuga baba bashaka kwambika iceyi ico gihugu ku nyungu zabo bwite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG