Uko wahagera

Igwirirana ry’Abantu n’Ikibazo Gikomeye mu Burundi


Mu bice bimwe bimwe vyo mu Burundi, igitigiri c’abantu baba ku kilometero kwadarato barenga amajana atanu.

Mu gihe amakungu yaahimbaje ku musi wa gatatu uheze umusi mpuzamakungu wahariwe abantu kw’isi, ikibazo c’igwirirana ry’abantu mu Burundi n’ikibazo gikomeye cane.

Mu Burundi bivugwa kw’abana igihumbi bavuka muri rusangi ku musi n’ukuvuga muri rusangi abana ibihumbi amajana ane ku mwaka.

Mu bice bimwe bimwe vyo mu Burundi, igitigiri c’abantu baba ku kilometero kwadarato barenga amajana atanu.

Mu kiganiro Faustin Ndikumana ayoboye ishirahamwe PARCEM na professeur Evariste Ngayimpenda,umuhinga mu vyerekeye igwirirana ry’abantu bahaye Ijwi rya Amerika, baramenyesheje kw’ikibazo c’igwirirana ry’abantu mu Burundi ari ikibazo gikomeye cane ama Reta yagiye arakwirikirana asa n’ayatacitayeho biboneka.

Ku bindi twumvirize Faustin Ndikumana na Evariste Ngayimpenda:

XS
SM
MD
LG