Uko wahagera

Pakistani: Abarenga 50 Biciwe mu Gitero


Igitero mu nyubakwa y'inyigisho z'igipolisi
Igitero mu nyubakwa y'inyigisho z'igipolisi

Muri Pakistani, umugwi w’abantu bashika kuri 6, bitwaje ibigwanisho binjiye mu nyubakwa y’ahatangigwa inyigisho z’igipolisi, mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Quetta, ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere.

Uwo mugwi winjiye mur’iyo nyubakwa uriko urarasa, uca ugira imbohe abari mur’iyo. Abajejwe umutekano, hamwe n’abahinga mu gisirikare baciye bakikuza iyo nyubakwa, aho binjiye n’imbere mur’iyo baca batangura kurasana n’abo bagwanyi.

Gushik’ubu bakaba bakiriko barahangana. Iyo nyubakwa yarimwo abantu bashika ku 200, abagera ku 20 nibo bonyene bashoboye kuyivamwo, baciye mu madirisha.

Mohammad Iqbal, umutegetsi mu gipolisi, amenyesha ko abakozi batanu basanzwe bakorera mur’iyo nyubakwa bakomeretse, bakaba baciye bajanwa kwa muganga.

Gushik’ubu nta mugwi numwe uriyitirira ico gitero.

Nawaz Sharif, Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani yateye ivyatsi abakoze ico gitero, akavuga kw’ari igikorwa c’imburakimazi.

XS
SM
MD
LG