Uko wahagera

Igitero kw'Ikambi Irimwo Inteko za ONU muri Mali Cakomerekeyemwo 20


Abantu 20 bakomeretse mu gitero ca rokete cakozwe kw’ikampi ya gisirikare irimwo inteko mpuzamakungu za ONU, Abafaransa hamwe n’Abanyamali, mu ntara yo mu buraruko bw’igihugu ca Mali yitwa Kidal.

Mu bakomeretse harimwo abasirikare 18 bari mu nteko za ONU bacungera umutekano bava mu gihugu ca Chad. Batandatu muri bo bakomeretse cane.

Gushika ubu abakoze ico gitro ntibaramenyekana.

Intara ya Kidal iri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi b’aba Tuareg kuva mu mwaka w’2012, yama yabereyemwo ingwano hagati y’imirwi irwanya ubutegetsi hamwe n’abasirikare ba reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG