Uko wahagera

Igitero kuri Kaminuza ya Kabul Caguyemwo 19 Barimwo Abanyeshure


Polisi imbere ya kaminuza ya Kabul
Polisi imbere ya kaminuza ya Kabul

Abantu n'imiburiburi 19 bagwiriyemwo abanyeshure baguye mu gitero abitwaje ibirwanisho bagavye kuri kaminuza yo ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul. Abamaze kumenyekana ko bagikomerekeyemwo ni 22.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri ico gihugu yatangaje ano makuru yavuze ko abagavye ico gitero bamaze amasaha atari make batana mu mitwe n’abajejwe umutekano bacungera iyo kaminuza isumba izindi mu gihugu cose.

Batatu mu bagavye ico gitero bakiguyemwo: Umwe yiturikijeko urusasu yari yambaye, babiri bicwa barashwe n’abajejwe umutekano nkuko Umushikiranganji Tariq Arian abandanya abivuga.

Abatalibani bimenyerewe ko ari bo bagaba ibitero muri ico gihugu bavuze ko atari bo bakigavye. Umuvugizi w'igipolisi muri Afuganistani nawe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ko ari igitero cabaye bamwe mu bagize reta bakimara gushika kuri iyo kaminuza ya Kabul. Bari baje mu birori vyo gutanguza ihiganywa ryitiwe igitabo.

Ferdaws Faramerz avugira igipolisi c'Afuganistani ntiyatomoye ariko niba mu bakiguyemwo hoba harimwo abategetsi bari mu bari baje muri ivyo birori. Gusa, yavuze ko benshi mu bishwe ari abanyeshure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG