Uko wahagera

Igitero ku Kibanza "Sousse" Kigenderwa n'Ingenzi muri Tuniziya


Ejo ku musi wa mungu muri Tuniziya habaye igitero mu kigwati kigenderamwo ingenzi nyinshi ca Sousse. Ni ikigwati cagiriwemwo kimwe mu bitero vy’iterabwoba bikomeye mu mwaka w’i 2015.

Benshi mu ngenzi zari zihari ico gihe zaturuka mu gihugu c’Ubwongereza. Ico gitero cagize ingaruka mbi ku gisata c’ingezi kigize igice kinini c’ubutunzi bw’ico gihugu. Mu gitero c’ejo, abagizi ba nabi bakoresheje imiduga yabo bagonga amarembo y’ico kigwati, baca batera abajejwe umutekano bakoresheje imbugita.

Kuri uno musi wa mbere, umuvugizi w’abapolisi bajejwe gucungera umutekano w’uruzi rw'aho Housameddine Jbadli, yatangaje kw’iradiyo kw’abantu indwi muri abo bagizi ba nabi bamaze gufatwa n’igipolisi kijejwe iterabwoba.

Mu gihe ico gitero cariko kiragigwa ku musi wa mungu, igipolisi cararashe cica abagizi ba nabi batatu. Mu bamaze gufatwa harimwo umugore w’umwe mu bishwe n’igipolisi, hamwe n’abavukanyi babiri b’uwundi nawe nyene yafashwe. Jbadli avuga ko mumatohoza ya mbere bamaze gukora, basanze abo bagizi ba nabi bakorana n’imigwi iri mu bindi bihugu ikaba yarabafashije gutegura ibisasu biturika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG