Uko wahagera

Somaliya: Igipolisi Cafashe Uwakoze Igitero


Abasirikare ba Samaliya mu gikorwa bagenzura ahabereye igitero c'abihevyi
Abasirikare ba Samaliya mu gikorwa bagenzura ahabereye igitero c'abihevyi

Prezida Hassan Sheikh Mohamoud wa Somaliya yatangaje ko abajejwe umutekano bafashe umugabo yagirizwa kuba yakoze igitero kw’isoko riri k’umugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, kur’uyu wa gatandatu, igitero cahitanye abantu bashika kuri mirongo ibiri, n’abatari bake bakomeretse.

Abajejwe umutekano bamenyesha ko uwo mugabo ari we yazanye imodoka yari itezwemwo ibombe, aho yaturikiye kw’isoko rya Beerta, riri hafi y’ikibuga c’indege gikuru aho I Mogadiscio.

Nta mugwi uriyitirira ico gitero. Yamara umugwi al-shabaab usanzwe ukora ibitero bitari bike muri Somaliya. Ico gitero gikozwe mu gihe hamaze iminsi hatunganywa amatora y’inama nshingamateka, amatora ategekanya kuba yaheze hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Reta, co kimwe n’abategetsi bo mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bamenyesha ko umutekano muke utuma amatora adatunganywa k’urutonde ategekanijweko.

XS
SM
MD
LG