Uko wahagera

Igitero c'Umwihevyi i Bagdad muri Iraki


Iraq

Ku mugwa mukuru wa Iraki, i Bagdad, umwiyahuzi yakoze igitero kur’uyu wa gatandatu, gihitana abantu bashika kuri 35 bapfuye, abashika kuri 50 barakomereka. N’igitero caje kigana aba isiramu bo mu bwoko bw’aba Chiites. Cabereye mu nyubakwa y’aho bari mu migigwa y’idini ryabo, gikorwa n’umugabo yinjiye yambaye umukanda wuzuyeko amambombe.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Igihugu ca Irani bateye ivyatsi ubwo bubisha, bongera bahoza imiryango y’ababuze. Mw’itangazo ryasohowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, imenyesha ko ibitero nkivyo aribifise intumbero yo gucanishamwo abanyagihugu bo muri Iraki.

Hilal Khashan, umwigisha muvya politike, muri Kaminuza y’abanyamerika iri mu gisagara ca Beyrouth, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ibitero bimaze iminsi mu gisagara ca Mossoul bishobora kugarukana intureka zifatiye ku moko aho muri Iraki, harimwo n’ibitero bitari bike vy’abiyahuzi.

XS
SM
MD
LG