Uko wahagera

Igitero Cabereye Hagati mu Gihugu ca Mali cahitanye Abasirikare 15


Igitigiri c’abandi batari bake barakomeretse mu mutego wakozwe ku modoka z’igisirikare mu gice co hagati mu gihugu ku munsi wa kane nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca reta ya Mali.

Bombe yaturitse mu gihe izo modoka zariko zirarengana, n’inkoho zica zitangura kwasana.

Abakoze ico gitero gushjika ubu, ntibaramenyekana. Cabereye mu ntara aho inteko za Mali, iz’Ubufransa, iz’i Bulaya hamwe n’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zijejwe gucungera umutekano zimaze igihe zitana mu mitwe n’abarwanyi bakorana na reta ya Kisilamu n’umurwi al-Qaida.

Ibice biri ku mbibe hagati y’ibihugu vya Mali, Nijeri na Burkina Faso birimwo umutekano muke. Ni mu gihe intagondwa z’abayislamu zitera zongereza inguvu mur’ivyo bice.

Ibitero vyabaye mu myaka ya vuba vyahitanye abasivile ibihumbi n’ibihumbi, mu gihe vyatumye abandi imiliyoni n’imliyoni, bahunga.

Mu ntango z’uku kwezi kw’umunani, abantu barenga 50 barishwe igihe intagondwa z’Abayislamu zakora ibitero mu mihana y’ahantu hatatu mu gice co hagati muri Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG