Uko wahagera

Igitero ca Boko Haram Cahitanye Batandatu muri Tchad


Muri Tchad abantu batandatu baguye mu gitero cegetswe ku mutwe w’iterabwoba wo mu gihugu ca Nijeriya Boko Haram.

Umuvugizi w’igisirikare ca Tchad colonel Azem Bermandoa yavuze ko ico gitero cagabwe mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatatu n’umupfasoni yiturikijeko igisasu yari akenyereyeko.

Kuva mu 2018 Boko Haram imaze kugaba ibitero bitari bike muri Tchad. Ivyinshi muri ivyo bitero vyagabwe ku birindiro vy’abasirikare.

Muri rusangi abagera ku 27.000 ni bo bamaze gusiga ubuzima mu bitero Boko Haram yakoze mu bihugu bitandukanye mu gihe abababa imiriyoni zibiri bataye izabo bahunga ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG