Uko wahagera

Igitero c'Uwitwaje Imbugita muri Gari ya Moshi yo mu Buyapani


Ahabereye igitero c'imbugita mu Buyapani
Ahabereye igitero c'imbugita mu Buyapani

Mu Buyapani, umuntu yinjiranye urubugita muri gari ya moshi yakomerekeje abantu 17. Abajejwe umutekano ku murwa mukuru Tokyo bemeje ano makuru bavuga ko 3 muri abo 17 ari indembe.

Ahejeje gucumita abantu, yasheshe ibikekwa kuba amavuta hasi hama adomeka umucanwa, abari muri iyo gari ya moshi batekerwa n’ubwoba baca batangura gusimba baca mu madirisha. Ababibonye bavuze ko vyari biteye ubwoba cane.

Imboneshakure zo mu Buyapani zerekanye abazimya muriro bacana canako bagerageza kuzimya umuriro bongera bafasha abantu gusohoka. Imwe mu miduga yari yegereye iyo gari ya moshi nayo yahiye.

Uwakoze iryo bara yahagaritswe. Polisi yavuze ko ari umuhungu afise imyaka iharurwa muri 20. Ica muteye gukora iryo bara kugera ino saha ntikiratangazwa.

Igitero c’imbugita co kuri uno wa Mungu kigize ica kabiri kigabwe muri gari ya moshi mu kiringo c’amezi abiri. Mu kwezi k’umunani, umugabo w’imyaka 36 yacumise abagera kuri 10, hama aza kubwira polisi ko yari ashaka gucumita abagore bose basa nk’abaryohewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG