Uko wahagera

Igitero c'Indege za Amerika Cahitanye Abarwanyi 13 muri Somaliya


Igitero c’indege z’igisirikare za Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Somaliya cahitanye abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu 13. Ayo makuru yatangajwe n’igisirikare ca Amerika.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM, catangaje ku musi wa kane ko ico gitero, cakozwe kuri Reta ya Kiyislamu, cabereye mu mitumba y’ahitwa Golis.

Mw’itangazo, ibiro AFRICOM bimenyesha ko mu vyo vyatohoje ata basivile bahasize ubuzima canke ngo bakomereke bivuye kuri ico gitero.

Ikindi gitero c’indege z’igisirikare za Amerika cakozwe mu gihe ca vuba cishe abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu 3 muri Somaliya.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM vyatangaje ko mu kwezi kwa kane igisirikare ca Amerika cishe Abdulhakim Dhuqub ayoboye Reta ya Kiyislamu muri Somaliya.

Reta ya Kiyislamu siwo murwi wonyene w’iterabwoba ukorera muri Somaliya. Umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida ufise abarwanyi benshi cane kurusha Reta ya Kiyislamu muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG